Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwahoze ari indongozi y'aba Conservative Sir Iain Duncan Smith ari mu bashikirije amakenga
Ubutumire ku Bushinwa bwo kwitaba ishingurwa ry’Umwamikazi bukwiye gufutwa, bivugwa na bamwe mu bashingamateka b'aba-Tories, abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi mu Bwongereza.
Abashimgamateka bakuru Tim Loughton na Sir Iain Duncan Smith bari mu bandikiye umushikirangani ajejwe imigenderanire kugira bamushikirize amakenga.
Bavuga ko “ari igitangaza” kubona „abateguye” jenoside y’ubwoko bw’abanyamuke bw’aba Uyghur batumirwa.
Umukuru w’Ubushinwa Xi Jinping ari ku rutonde rw’abatumiwe kwitaba ibirori vyo gushingura ariko vyibazwa ko ashobora kutavyitaba.
Urugendo rwiwe muri Kazakhstan na Uzbekistan muri iyi ndwi rubaye urwa mbere agize hanze y’igihugu ciwe c’Ubushinwa kuva hateye ikiza ca Covid.
Ikinyamakuru The South China Morning Post canditse ko icegera c’umukuru w’igihugu Wang Qishan yitezwe kwitaba ivyo birori, amakuru kivuga ko kivana mu baserukira ibihugu vyabo.
Abakuru b’ibihugu n’abandi banyacubahiro bo mu makungu, harimwo umukuru wa Amerika Joe Biden, bitezwe kuba bahari, ubutumire bukaba bwarungikiwe umukuru w’igihugu icari co cose gifitaniye imigenderanire (ya diplomasi) nabwo.
Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango
Inkurikirane
End of podcast promotion
Ariko abaserukira Uburusiya na Belarus ntibatumiwe kubera igitero kuri Ukraine, kandi nta n’umwe yatumiwe muri Myanmar kubera imigenderanire n’Ubwongereza yahagaze kuva igisirikare gitembagaje ubutegetsi mu mwaka uheze.
Abaserukira Syria, Venezuela na Afghanistan nabo ntibari ku rutonde rw’abatumiwe, nk’uko amasoko yo muri reta yabibwiye BBC, navyo ibihuggu vya Korea ya Ruguru, Iran na Nicaragua vyatumiwe ku rwego rw’ababihagarariye gusa.
Iryo kete ku mushikiramganji ajejwe imigenderanire James Cleverly, ryashizwe ahabona ubwa mbere n’ikinyamakuru Politico, ryashizweko umukono kandi n’umushingamateka ata mugambwe yegamiye Lord Alton, n’umukenguzamateka wo mumugambwe wa Labor, Baroness Kennedy.
Abashize umukono kuri iryo kete bose bafatiwe ibihano n’Ubushinwa kubera beneguye ico gihugu ku mugaragaro, na cane cane kubera ingene cafashe inkehwa z’aba Islam b’aba-Uyghur.
Mu mwaka uheze , inama nshingamateka y’Ubwongereza (House of Commons) yemeje ko jenocide yariko irakorerwa aba-Uyghur mu Bushinwa bw’uburaruko bushira uburengero aho abantu bagereranywa ku muriyoni urenga bapfunzwe mu makambi mu ntara ya Xinjiang.
Ubushinwa bwarahakanye ivyo burerwa buvuga ko ayo makambi ari ibanza vyo gutangiramwo inyigisho zo kurwanya iterabwoba.
Muri iryo kete, abo bashingamateka n’abakenguzamateka banditse bati: “ Turarajwe ishinga cane n’ukwumva ko reta y’Ubushinwa yatumiwe mu birori vy’igihugu vyo gishingura Umwamikazi ku ndwi iza, n’ubwo ibindi bihugu nk’Uburusiya, Belarus na Myanmar vyo vyakuwemwo.
“Bivanye n’uko inama nshingamateka y’Ubwomgereza yatoye yemeza ko jenoside yakozwe na reta y’Ubuhsinwa ku ba-Uyghur, n’igitangaza kuba abatunganije iyo jenoside bahabwa ikibanza icari co cose abo bandi batahawe.”
Bongerako ko bitabereye na cane cane ko hari abashingamateka indwi bafatiwe ibihano, nawe uwuhagarariye Ubusihinwa akaba yarankiwe kwinjira mu ngoro ya Westminster.
Ikete ribandanya kuvuga riti: “Nizeye ko wemera ko bitabereye na gato ko hagira uwuserukira reta y’Ubushinwa yitaba ibirori bikomeye nk’ivyo gushingura Umwamikazi wacu kandi ko wotwizeza ko ubutumire buca bufutwa ubwo nyene.”
Abo bashingamateka bandikiye kandi abakuru b’inama nshingamagteka na nkenguzamateka (House of Commons na House of Lords) basaba ko atawuserukira reta y’Ubushinwa yoza ku ngoro ya Westminster. Bavuga ko ivyo bitabereye na gato.
Muri ubwo butumwa bwo kuri Twitter, uwuhagarariye Ubwongereza mu Bushinwa avuga ati : "Izina rikomeye n'icubahiro vy'umuhisi Umwamikazi wacu mu Bushinwa biragaragara uyu munsi icegera c'umukuru w'igihugu Wang Qisham yagendeye urugo rw'uwuhagarariye Ubwongereza kugira ahoze kw'izina rya prezida Xi n'Abashinwa bose."
Prezida Xi ari mu bategetsi b’isi batanze ubutumwa bwo guhoza Ubwongereza inyuma y’urupfu rw’Umwamikazi, avuga ko ariwe mukuru wa mbere w’Ubwami yagendeye Ubushinwa.
Ku bw’ibinymamakuru vya reta , umukuru w’Ubushinwa yavuze ko akomeye “ku kamaro kanini” k’imigenderanire hagati y’ibihugu vyompi kandi ko “yiteguriye gukorana n’Umwami Charles III… mu guteza imbere imigenderanire hagati y’ivyo bihugu”.
Ku wa mbere icegera c’umukuru w’Ubushinwa Wang yagendeye ubuserukizi bw’Ubwongereza i Beijing ari kumwe n’uwuhagarariye Ubwongereza mu Bushinwa, Caroline Wilson, kwandika mu gitabo co guhoza ku rupfu rw’Umwamikazi.
© 2023 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi