Ahavuye isanamu, EPA
Israel ivuga ko ingingo nk'izo kugabanya uburenganzira bumwe bumwe zishingiye ku mvo z'umutekano
Israel irakorera ivyaha vya apartheid no kuburagiza Abarabu baba mu turere ico gihugu cigaruriye n'imbere muri Israel ubwayo, nk'uko vyemezwa na Human Rights Watch.
Mu cegeranyo gishasha, iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, rivuga ko Israel ifise poritike y'uko ''Abanya-Israel b'abayahudi baguma biganje ku banya-Palestina", harimwo n'abasanzwe ari abenegihugu bayo.
Ubushikiranganji bwa Israel bujejwe imigenderanire burahakana ico cegeranyo bwagiriza kuba gishaka ''kuyovya kandi c'ibinyoma".
Bwagiriza Human Rights Watch kuba ifise "gahunda yo kuva kera" iterekwa Israel no gukomeza isekeza ''ridafatiye ku biba canke ku kuri kw'aho ibintu bibera".
Umukuru w'Ubutegetsi bwa Palestina Mahmoud Abbas yashimye ico cegeranyo.
Yavuze ati: "Birihutirwa ko amakungu ahagaruka, akaraba y'uko ama reta, amashirahamwe n'ama kompanyi vyayo bitariko birafasha mu buryo ubwaribwo bwose mu gukora ivyaha vyo mu ntambara n'ivyaha bikorewe zina muntu".
Abarabu bo muri Israel berenga gato 20% ya miriyoni 9.3 z'abantu baharurwa muri Israel, mu gihe nibura miriyoni 2.5 z'abanya-Palestina baba mu karere ka Cisjordanie (West Bank) kigaruriwe na Israel, ibihumbi 350 nabo bakaba muri Jerusalem y'ubuseruko nayo nyene yigaruriwe.
Hafi abanya-Palestina miriyoni 1.9 baba mu gace ka Gaza, nako nyene ONU ifata ko kigaruriwe na Israel.
Israel yigaruriye utwo turere mu ntambara yo mu burasirazuba bwo hagati mu 1967.
Yavuye mu karere ka Gaza mu 2005, ariko niyo ikomeza kugenzura imbibe zako hafi zose, hamwe n'ikirere n'amazi y'inkengera zako.
Abayahudi barenga ibihumbi 600 baba mu nsago 140 zubatswe muri Cisjordanie no muri Jerusalem yo mu buseruko. Amakungu ahanini afata izo nsago nk'izinyuranye n'amategeko mpuzamakungu, n'ubwo Israel ivyo itavyemera.
Ahavuye isanamu, EPA
Bimwe mu vyo Human Rights Watch yiyamiriza birimwo kugabanya uburenganizra bw'abanya-Palestina bwo kuja aho bashaka
Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango
Inkurikirane
End of Podcast
Ico cegeranyo ca HRW c'impapuro 213 citwa ''A Threshold Crossed'' (Umurongo Warenzwe), kivuga ko ukuri kw'ubu ari uko Israel ariyo yonyene ifise ubutegetsi muri twinshi muri utwo turere kandi ko ahasigaye ubutegetsi bwayo aribwo buza imbere hanyuma intwaro y'abanya-Palestina ifise aho igarukira".
Icegeranyo kivuvga ko "Muri utwo turere no mu bice vyinshi vy'ubuzima, abategetsi ba Israel bashira imbere mu buryo buteguwe neza Abanya-Israel b'abayahudi hanyuma bagakumira abanya-Palestina".
Kibandanya kivuga ko "Amategeko, ama poritike, hamwe n'amajambo ashikirizwa n'abategetsi ba Israel bigaragaza neza ko intumbero y'uko Abanya-Israel b'abayahudi baguma bagenzura ibijanye n'igwirirana ry'abantu, ubutegetsi bwa poritike, hamwe n'ubutaka yamye ariyo yisungwa n'imigambi ya reta".
"Mu gushira mu ngiro iyo ntumbero, abategetsi barambuye, bagumiza uruhande rumwe, batandukanya ku nguvu bongera bashira munsi y'ubutegetsi bwabo Abanya-Palestina hisunzwe akaranga kabo ku ngero z'uburemere zitandukanye.
Mu bice bimwe bimwe… uko kubuzwa ivyo bategerezwa kuba bafitiye uburenganzira birakomeye cane gushika aho bija ku rugero rw'ivyaha bikorewe zina kiremwa muntu vya apartheid no kuburabuzwa".
Apartheid yari poritike y'ivangura ry'ingene abantu babaho no gukumira yakurikizwa na reta ya banyamuke b'abazungu ku biraburabure aribo bari benshi muri Afrika y'Epfo hagati ya 1948 na 1991.
Human Rights Watch ivuga ko apatheid asigaye ari ijambo rizwi mu mategeko mpuzamaungu, kandi ko kubuza ugukimira bikokemeye bikozwe n'inzego n'agacinyizo bigendana, bigize umutima w'amategeko mpuzamakungu.
Amasezerano mpuzamakungu yo mu 1973 yo kubuza no guhana icaha ca apartheid avuga ko apartheid ari "ibikorwa bitagira ubuntu bigamije gushinga no kugumizaho ukwiganza kw'ubwoko bumwe bw'abantu ku bundi bwoko bw'abantu no kubacinyiza muri vyose".
Amategeko ya Rome ashinga sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC, nayo nyene abivuga nk'uko.
Ahavuye isanamu, Reuters
Abarabu b'abanya-Israel rimwe na rimwe baridoga ko bafatwa nk'abanyagihugu bo ku rugero rwa kabiri
Human Rights Watch ivuga ko umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakuungu mpamavyaha, ICC, akwiye gukora amatohoza akanashengeza abo bose, hari ibimenyetso bifadika ko bagize uruhara muri ivyo vyaha vya apartheid no kuburagiza.
Iryo shirahamwe risaba kandi amakungu gusubiramwo imigenderanire yayo na Israel kandi hashirweho umurwi wa ONU wo gukora amatohoza kw'ikumirwa n'icinyizwa muri Israel no mu turere tw'abanya-Palestina.
Mu kwezi guheze, umushikiriazamanza mukuru wa ICC yuguruye amatohoza icese mu bivugwa ko bishobora kuba ari ivyaha vyo mu ntambara mu karere ca Cisjordanie, muri Jerusalem y'ubuseruko n'agace ka Gaza kuva mu kwezi kwa gatandatu mu 2014 abisabwe n'abanya-Palestina.
Israel ishimika ivuga ko iyo sentare ishingiye La Haye (The Hague) idafise ububasha bwo kwugurura amatohoza kandi ko izokwanka gufashanya nayo.
© 2023 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi