Raba ingene igitero c'indege za Israel mu karere ka Gaza cagenze
Israel yishe uwundi mutegetsi mukuru w’inyeshamba zo mu muhari w’abarwanyi ba Palestina, bazwi nka Palestinian Islamic Jihad, mu gihe ibitigiri vy’abagwa muri ibi bitero vy’indege muri Gaza.
Abana batandatu hamwe n’abarwanyi batari bake ba PIJ – harimwo intwazangabo Khaled Mansour na Tayseer Jabari – bari mu banya-Palestina 32 bavugwa ko bamaze kwicwa.
Ibisasu vya muzinga hafi 600 nivyo bimaze guterwa muri Israel kuva ku wa gatanu, nk’uko bivugwa n’umutegetsi bwa Israel.
Israel ivuga ko ibi bitero vyaje inyuma “y’uko yari itewe” n’uyo murwi.
Iyi niyo mishamirano ikomeye hagati ya Israel na Gaza, haraciye umwaka urenga.
Intambara yamaze imisi 11 mu kwa gatanu kw’umwaka uheze wa 2021 yahitanye abanya-Palestina barenga 200 n’abanya-Israel bababa cumi imbere y’uko bashika ku masezerano yo guhagarika intambara.
Igisirikare ca Israel kiragabisha ko iki gikorwa ca gisirikare – cataziriwe Breaking Dawn – gishobora kumara iyinga ryose.
Uno musi ku wa Mungu, ibisasu vya muzinga vy’abanya-Palestina vyarasiwe mu karere ka Gaza vyaguye mu gisagara ca Jerusalem ubwa mbere kuva kuri ya ntambara yo mu 2021.
Ibi bitero bibaye inyuma y’aho Israel yiciye umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru wa PIJ Khaled Mansour mu gitero c’indege cakozwe ku nzu iri mw’ikambi y’impuzi iri ahitwa Rafah mu bumanuko bwa Gaza.
Iyi ntwazangabo yari imaze guhakwa kwicwa n’igisirikare ca Israel incuro zitanu, kikaba kimwagiriza gutegura ibitero vy’abarwanyi hanze y’akarere ka Gaza.
Ahavuye isanamu, evn
Hampande y’ibitero vy’indege kuri Gaza, aho Israel ivuga ko mu bibanza yiziziye harimwo inzira yo mu kuzimu ikoreshwa na PIJ, abahagarikwa babandanya bahagarikwa mu karere ka Cisjordanie/ West Bank kigaruriwe na Israel. Abanywanyi ba PIJ batari bake bamaze guhagarikwa nk’uko bivugwa na Israel.
Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Gaza avuga ko "igitero ca Israel" cishe abanya-Palestina, gikomeretsa abanda barenga 200.
Israel yagiriza abarwanyi ba PIJ ko ari bo bihekuye mu kwihenda bakica bamwe muri abo bapfuye – ikavuga ko ejo ku wa gatandatu igisasu ca muzinga ciyatse uyo muhari kikica abana batari bake i Jabalia, mu karere ka Gaza. BBC ntiyashoboye guhinyuza yo nyene ubwayo ibi bivugwa.
Ariko gushika ubu, Hamas, umuhari mukuru muri ako karere – ukaba usangiye ivyiyumviro n’umuhari Islamic Jihad mbere ukaba ukunze gukorana ibikorwa nawo – isa n’uko ata bisasu vya muzinga biriko biraraswa biva mu bubiko bwayo bunini.
Ni naco gituma ata makuru avuga ko Israel yoba iriko irakora ibi bitero vy’indege kuri Hamas.
Mw’ijoro ryo ku wa gatanu, Hamas yasohoye amatangazo akomeye ivuga ko “imirwi yo kwirwanako” yishize hamwe. Ariko kubera irongoye Gaza ifise ibintu vyayo ibanza kwitondera, ibi bigashobora gutuma itinjira muri iyi mishamirano.
Ibiharuro vya Hamas bishobora guhinduka, nk’akarorero mu gihe igitigiri c’abasivire bapfiriye muri Gaza cokwongerekana.
Mu gihe yoramuka ifashe ingingo yo kwinjira muri iyi ntambara, aho rero ibintu bishobora guca bikomera gusumba.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwotsi wibonekeje mu bumanuko bw'akarere ka Gaza mu gitero c'indege ca Israel
Ejo ku wa gatandatu, ikigo ca Gaka kimwe rudende gisanzwe gitanga umuyagankuba carugaye kubera kitigeze kironka n’ima rimwe ry’igitor, nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’ikigo kijejwe umuyagankuba.
Ibiro vy’umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire asaba impande zompi kwifata – bikavuga ko bishigikiye ko Israel ifise uburenganzira bwo kwirwanako, mu gihe ariko bivuga ko bitewe impungenge n’abasivire bashobora kugwa mu mporero, nk’uko vyandikwa n’itirorokanirizo ry’amakuru Reuters.
Mu cizere ko ishobora kuzibira iyindi mishamirano, Misiri nayo nyene yafashe umugambi wo kuja hagati y’izi mpande zibiri, mbere bikavugwa ko yoba yarungitse intumwa muri Israel ejo ku wa gatandatu kubanguranya.
Iyi mishamirano ibaye inyuma gato y’aho Israel ihagarikiye Bassem Saadi avugwa ko arongoye PIJ muri Cisjordanie, mw’ijoro ryo ku wa mbere.
Yahagaritswe ari mu karere ka Jenin mu rukurikirane rwo guhagarika abikekwa inyuma y’ibitero vyakozwe n’abarabu ba Israel na Palestina vyahitanye abanya-Israel 17 n’abanya Ukraine babiri. Babiri mu bakoze ivyo bitero bavuye mu karere ka Jenin.
PIJ, umwe mu mihari y’abarwanyi biyitirira Islam ikomeye irwanira muri Gaza, ishigikiwe na Irani kandi icicaro cayo kiri ku mugwa mukuru wa Syria, Damas/Damascus.
Irakora ibitero bitari bike, harimwo ibisasu vya muzinga biterwa Israel.
Mu kwa cumi na rimwe 2019, Israel na PIJ vyaratanye mu mitwe mu kiringo c’imisi itanu inyuma y’aho Israel yiciye intwazangabo ya PIJ ivuga ko yariko arategura igitero. Imishamirano yahitanye abanya-Palestina 34 n’abandi 111 bakomeretse, abanya-Israel 63 nabo bikaba vyabaye ngombwa ko bajanwa kwa muganga.
Israel yavuze ko 25 mu banya-Palestina bishwe bari abarwanyi, harimwo n’abatewe bariko barategura kurungika ibisasu vya muzinga.
Gaza: Ibisasu vya muzinga bitari bike vyarashwe muri Israel biva mu karere ka Gaza
© 2023 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi